Students In Theology &Leadership Development University

Call Contact the business

Students  In Theology &Leadership  Development University BUILD
Martyr'S Students is Program in Bible ,Theology & Leadership development in UK

23/09/2026
22/09/2026

đŸ›ïž MusĂ©e National de Gitega : inyuma y’imyaka irenga 70 yubatswe, igiye gusubirwamwo

👑 MusĂ©e National de Gitega, imwe mu nyubakwa za kera zibungabunga kahise n’akaranga k’Uburundi, igiye gusubirwamwo inyuma y’imyaka irenga 70 yubatswe.

Uwo mugambi urongowe n’Umuganwakazi Esther Kamatari, akaba yaragaragaje ko intumbero atari ugusubira gutunganya gusa inyubakwa, ariko kandi kuyihindura ikigo ndangakaranga gishobora kubungabunga kahise k’Uburundi no kugafasha kunyengetera mu rwaruka no gushika kure mu makungu.

📅 Kuri uyu wa 21 Nyakanga 2026 mu gihe yariko asigurira abafise uruhara muri uwo mugambi uko ibikorwa bitegekanijwe, Kamatari yavuze ko yipfuza ko ico kigo kiba “ikigo c’akarorero kizomara imyaka irenga ijana.”

🎹 Kuri Kamatari, gusanura MusĂ©e National de Gitega birihutirwa mu gihe isi iriko ihinduka ningoga. Yavuze ko “urwaruka rw’Uburundi rwatakaye rukunda ibintu vyo hanze kandi dufise ibintu vyiza”, ashimangira ko “abakiri bato bakwiye gushobora gukora ibintu bishasha, ariko bakabikura mu vyiyumviro n’ubutunzi bw’akaranga vyasizwe n’abakurambere”, kuko ivyo, nk’uko abivuga, vyofasha Uburundi kudatakaza ivyo bufise vyihariye kandi vy’agaciro.

✈ Muri uwo mugambi harimwo kandi gutunganya uburyo ingenzi zironswa amakuru yerekeye MusĂ©e National de Gitega, n’igisagara ca Gitega, umugwa mukuru wa poritike w’Uburundi.

Kamatari yatanze akarorero k’aho umwami w’ababirigi, Bauduin yururukiye indege igihe yaraje kwugurura iyo nzu ndangakaranga mu 1955, ariho ubu hari ikibuga c'indege ngo inzu isanzwe ihari yo kurindiriramwo ngo izohindurwa ibe inzu igezweho yo gutanga amakuru yose yerekeye ikigo ndangakaranga mbere n'intara ya Gitega na canecane ko muri yo ntara hagiye kwubaka ibiro vy'ubushikiranganji butandukanye, ngo bizoheza vyorohere ingenzi zigana iyo ntara kuronka amakuru yose zikeneye.

đŸ›ïž Uwo mugambi ntugarukira ku bijanye n’inyubakwa gusa. Kamatari aripfuza kandi ko MusĂ©e National de Gitega yoba ahantu hashobora gufasha guteza imbere ubuhinga n’utugenegene bikorerwa mu Burundi. Mu vyipfuzo vyiwe harimwo gutuma ivyo bikorwa bishobora kumenyekana, kudandazwa no kurungikwa no mu mahanga, kugira ngo akaranga k’Uburundi ntikagume mu bubiko bw’inyubakwa ndangakaranga gusa, ahubwo gashobore no guhinduka akaryo ku bakora utugenegene n’urwaruka.

🙏 Kamatari, yagizwe n’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, umuserukizi adasanzwe w’Uburundi (ambassadeur plĂ©nipotentiaire), yavuze ko ashima icizere yahawe co kurangura uyu mugambi.
Yavuze ko kuba yarahawe uburenganzira bwo gusubiramwo ico kibanza “vyerekana umwitwarariko ico kibanza gifitiwe.”

đŸ›ïž Kuva yubatswe mu 1955, MusĂ©e National de Gitega ni kimwe mu bibanza bihambaye vyo kubungabunga no kwerekana kahise n’akaranga vy’Uburundi.

Address

Bururi

Telephone

+25776935714

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Students In Theology &Leadership Development University posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Students In Theology &Leadership Development University:

Shortcuts

Share